Habaye ingwe ikagira abakozi
injojo : Bakame, Ruhongo, Rugurube, Rutangurirwa na Rugeregere. Vyose vyari bifise abana. Umusi uri izina, ingwe igomba kuja
kuramutsa inabukwe. Iragenda ifata abana b’ivyo bikoko ishira mu bikemanyi, irabiha ngo vyikorere. Bishira kumutwe biragenda.
Bishitse mu nzira Bakame
gahenda ingwe gati :
- Genda ziriya mpene uzikuremwo
n’imwe.
Yamara urukwavu rwari
ruzi ko ari amabuye aharunze ata mpene zihari. Ya ngwe ica yirukayo.
Bakame kabwira bagenzi
be ngo biture birabe ico bitwaye. Igitangurirwa kirapfundurura, bisanga ni abana bavyo, birajorerwa.
Impongo ica iriruka ibasubiza
i muhira, ifatata ibibuguru vya ya ngwe ishira muri ca gisimbo, irahindukira. Ariko nti caremera nkuko camye. Bibazanya ingene
bibigenza, Ingurube iti :
- Ndazi kwimbisha umunwa
n’amazuru.
Isitagura ibisinde irunda
mu gisimbo kiruzura, kiraremera. Igitangurirwa kirapfundikira, kiragumya nk’uko ya ngwe yagize, biriraramira.
Ingwe igarutse ibibwira
ko yasanze ari amabuye zitari impene. Iritegereza ca gisimbo ibona kiracapfundikiye nk’uko yagisize. Ingeregere irikorera
biragenda. Vyigiye imbere bihura n’abantu barabiramutsa :
- Amasho Rugwe !
Iti :
- Ramutsa ivyo bigabo
biri inyuma bitazi ico vyikoreye.
- Amasho Bakame !
- Ndusha nyene isaho kumenya
ikirimwo !
- Amasho Ruhongo !
- Ntera amatambwe abiri
ngasubiza abana i muhira !
- Amasho Rugurube !
- Ndasitura amasinde isaho
ikuzura !
- Amasho Rutangurirwa
!
- Mboha isaho nkarusha
uwayiboshe ejo !
- Amasho Rugeregere !
- Baboha isaho bakankorera
nkagenda !
Ya ngwe ntiyamenya namba
ico bivuga.
Abantu bose bahwana baza
barabiramutsa, na vyo vyishura kwa kundi nyene, yamara ya ngwe kubitegera biba umugani.
Bishitse kwa inabukwe
w’ino ngwe, bihereza ishikanwa, Ingwe ibwira Bakame iti :
- Genda ubarire mabukwe,
agire n’ingoga ndashonje, kandi ngomba gusubira muhira kuraba urugo.
Ya ngwe ipfunduruye, isanga
harimwo ibibuguru vy’ingwe, itangazwa n’uko umukwe yayigemuriye abuzukuru. Ibarira Bakame iti :
- Genda ubarire sobuja,
uti :
- Amaso ni Rugwe, amaboko
ni Rugwe, amaguru ni Rugwe, eka hose ni Rugwe, none ntari bwikore munda.
Bakame karagenda gashikira
ya ngwe kayibarira gati :
- Ngo
amaso ni Bakame, amaboko ni Bakame, ngo navyo ibihongo, ibigurube n’ibigeregere ntibivugwa, none ngo bose ni abana biwe
ntari bwikore munda.
Ingwe ivyumvise ituma
Bakame iti :
- Genda
umubwire, uti pfa kugira.
Bakame kariruka kabarira
ca gikecuru c’Ingwe gati :
- Ngo
pfa gukebagura yabigize abibona, ngo kandi zana ndagufashe tugire n’ingoga.
Bifata imbugita birakembagura,
birateka. Bihishije, birahereza ya ngwe icokagiza abana bayo. Bakame karanezerwa, gaca kagenda kubwira bagenzi bako gati :
- Iruka
mutore abana bacu muze kubanyegeza.
Bica biyakoramwo.
Bakame na ko gatora inanga
kicara mu muryango karacuraranga, ngo :
- Hari abarya abana babo
bagira ngo ni abana ba Ruhongo n’aba Bakame.
Ingwe iti :
- Ugize ngw’iki
?
Gati:
- Mvuze ko hano bahubatse
neza.
Kagasubiramwo gati:
- Hari
abarya abana babo bagira ngo ni aba Rugeregere n’aba Rugurube.
Ya ngwe ikongera ikakabaza
ico kavuze, gati :
- Navuze ko iyi ngoro
bayisharije neza.
Ingwe ibandanya irya.
Bakame gasubira kuvuga kwa kundi, Ingwe iravyumva. Biravumbuka, urukwavu rurayisiga, ruja kwivayanga mu nginagina. Ruhejeje
ruja kwicara mu nzira ya ya ngwe. Irushikiriye rurayiramutsa, ruti :
- Mbega ni amaki ?
- Ni Urukwavu rwa mpenze
rundisha ibibondo vyanje, none rwansize.
- Ubwo ntubona ko ari
jewe !
- Huuuu !
Biyakoramwo, ka gakwavu
karayenurira.
Gateye nka hariya, kaba
kariyahirira ubwatsi, kabona ya ngwe iraje kayibwira gati :
- Mbega wa muga, ko wihuta
urondera iki ?
- Nta rukwavu umboneye
ruciye ngaho ?
- Banza unkorere uraheza
umbazagize hanyuma. Ingwe irarukorera biradugana. Vyagendanye kera, Urukwavu rutura hasi bwa bwatsi, ruti :
- Ubwo aho twagendaniye
uranyobewe ?
- Huuuuu !
Bica biriruka, urukwavu
rurayisiga, rwigira kwirabira abana n’abagenzi rwigamba ruti :
- Ndagusize je bangayimbaga
nkabagaya intege. Ndaguhenze n’ejo nzogusubira.
Sije nohahera.
cliquez ici pour beaucoup des contes Burundais
INYABU YACITSE UMURIZO
Umusi umwe Inyabu
yagize ngo ija gufata imbeba, iba ari yo icakirwa n’umutego, umurizo uracika. Isubiye i muhira ibona izindi nyabu ziguma
ziyiraba, zigaseka zose.
Ya nyabu irazikoranya
ihagarara imbere yazo iti :
- Ndi n’ijambo ndababwira.
- Wovuga tukumva !
- Imirizo yacu iratugora.
Iyo tugomba kwihisha, ntidukundira kwinyegeza rwose. Tugomba gufata imbeba, turayizungagiza zikaba zatwumvise. Twagenda naho
tukayikwega canke tukayishinga, zikayibona. Kenshi na kenshi murabiraba na mwe umurizo ni wo ukunda gufatwa n’umutego.
Jewe rero nanse ko umurizo wanje uzosubira kuja urangora, ndawuca. None namwe ndabagishije inama, ngo muze muyicishe mwese.
Zose zitwengera rimwe.
Inyabu nkuru muri zo,
iyishura iti :
- Mbe kuva na kera na
rindi, guhera kuri basokuru n’abasokuruza hari aho urumva ko imirizo yacu itugora? Canke muri twese ni nde yakuganyiye
ko umurizo wiwe wamunaniye? Wagomba kwikura mu kabarerwa ngo twese tube ibicika murizo.
Iyo buba ubwumwe bwari
ikindi.