Jean-Claude

Home | Jean-Claude | Burundi Hymne | Imigani | About Me | Favorite Links | Contact Me | My Pictures | Poèmes

Imigani

UBUSIGO BUHUMA NTIBUBA BUNINI

Habaye ingwe ikagira abakozi injojo : Bakame, Ruhongo, Rugurube, Rutangurirwa na Rugeregere. Vyose vyari bifise abana. Umusi uri izina, ingwe igomba kuja kuramutsa inabukwe. Iragenda ifata abana b’ivyo bikoko ishira mu bikemanyi, irabiha ngo vyikorere. Bishira kumutwe biragenda.

 

Bishitse mu nzira Bakame gahenda ingwe gati :

- Genda ziriya mpene uzikuremwo n’imwe.

Yamara urukwavu rwari ruzi ko ari amabuye aharunze ata mpene zihari. Ya ngwe ica yirukayo.

Bakame kabwira bagenzi be ngo biture birabe ico bitwaye. Igitangurirwa kirapfundurura, bisanga ni abana bavyo, birajorerwa.

 

Impongo ica iriruka ibasubiza i muhira, ifatata ibibuguru vya ya ngwe ishira muri ca gisimbo, irahindukira. Ariko nti caremera nkuko camye. Bibazanya ingene bibigenza, Ingurube iti :

- Ndazi kwimbisha umunwa n’amazuru.

Isitagura ibisinde irunda mu gisimbo kiruzura, kiraremera. Igitangurirwa kirapfundikira, kiragumya nk’uko ya ngwe yagize, biriraramira.

 

Ingwe igarutse ibibwira ko yasanze ari amabuye zitari impene. Iritegereza ca gisimbo ibona kiracapfundikiye nk’uko yagisize. Ingeregere irikorera biragenda. Vyigiye imbere bihura n’abantu barabiramutsa :

- Amasho Rugwe !

Iti :

- Ramutsa ivyo bigabo biri inyuma bitazi ico vyikoreye.

- Amasho Bakame !

- Ndusha nyene isaho kumenya ikirimwo !

- Amasho Ruhongo !

- Ntera amatambwe abiri ngasubiza abana i muhira !

- Amasho Rugurube !

- Ndasitura amasinde isaho ikuzura !

- Amasho Rutangurirwa !

- Mboha isaho nkarusha uwayiboshe ejo !

- Amasho Rugeregere !

- Baboha isaho bakankorera nkagenda !

Ya ngwe ntiyamenya namba ico bivuga.

Abantu bose bahwana baza barabiramutsa, na vyo vyishura kwa kundi nyene, yamara ya ngwe kubitegera biba umugani.

 

Bishitse kwa inabukwe w’ino ngwe, bihereza ishikanwa, Ingwe ibwira Bakame iti :

- Genda ubarire mabukwe, agire n’ingoga ndashonje, kandi ngomba gusubira muhira kuraba urugo.

Ya ngwe ipfunduruye, isanga harimwo ibibuguru vy’ingwe, itangazwa n’uko umukwe yayigemuriye abuzukuru. Ibarira Bakame iti :

- Genda ubarire sobuja, uti :

- Amaso ni Rugwe, amaboko ni Rugwe, amaguru ni Rugwe, eka hose ni Rugwe, none ntari bwikore munda.

Bakame karagenda gashikira ya ngwe kayibarira gati :

- Ngo amaso ni Bakame, amaboko ni Bakame, ngo navyo ibihongo, ibigurube n’ibigeregere ntibivugwa, none ngo bose ni abana biwe ntari bwikore munda.

Ingwe ivyumvise ituma Bakame iti :

- Genda umubwire, uti pfa kugira.

Bakame kariruka kabarira ca gikecuru c’Ingwe gati :

- Ngo pfa gukebagura yabigize abibona, ngo kandi zana ndagufashe tugire n’ingoga.

Bifata imbugita birakembagura, birateka. Bihishije, birahereza ya ngwe icokagiza abana bayo. Bakame karanezerwa, gaca kagenda kubwira bagenzi bako gati :

- Iruka mutore abana bacu muze kubanyegeza.

Bica biyakoramwo.

 

Bakame na ko gatora inanga kicara mu muryango karacuraranga, ngo :

- Hari abarya abana babo bagira ngo ni abana ba Ruhongo n’aba Bakame.

Ingwe iti :

- Ugize ngw’iki ?

Gati:

- Mvuze ko hano bahubatse neza.

Kagasubiramwo gati:

- Hari abarya abana babo bagira ngo ni aba Rugeregere n’aba Rugurube.

Ya ngwe ikongera ikakabaza ico kavuze, gati :

- Navuze ko iyi ngoro bayisharije neza.

Ingwe ibandanya irya. Bakame gasubira kuvuga kwa kundi, Ingwe iravyumva. Biravumbuka, urukwavu rurayisiga, ruja kwivayanga mu nginagina. Ruhejeje ruja kwicara mu nzira ya ya ngwe. Irushikiriye rurayiramutsa, ruti :

- Mbega ni amaki ?

- Ni Urukwavu rwa mpenze rundisha ibibondo vyanje, none rwansize.

- Ubwo ntubona ko ari jewe !

- Huuuu !

Biyakoramwo, ka gakwavu karayenurira.

 

Gateye nka hariya, kaba kariyahirira ubwatsi, kabona ya ngwe iraje kayibwira gati :

- Mbega wa muga, ko wihuta urondera iki ?

- Nta rukwavu umboneye ruciye ngaho ?

- Banza unkorere uraheza umbazagize hanyuma. Ingwe irarukorera biradugana. Vyagendanye kera, Urukwavu rutura hasi bwa bwatsi, ruti :

- Ubwo aho twagendaniye uranyobewe ?

- Huuuuu !

Bica biriruka, urukwavu rurayisiga, rwigira kwirabira abana n’abagenzi rwigamba ruti :

- Ndagusize je bangayimbaga nkabagaya intege. Ndaguhenze n’ejo nzogusubira.

 

Sije nohahera.

 

 cliquez  ici pour beaucoup des contes Burundais


INYABU YACITSE UMURIZO

 

Umusi umwe Inyabu yagize ngo ija gufata imbeba, iba ari yo icakirwa n’umutego, umurizo uracika. Isubiye i muhira ibona izindi nyabu ziguma ziyiraba, zigaseka zose.

 

Ya nyabu irazikoranya ihagarara imbere yazo iti :

- Ndi n’ijambo ndababwira.

- Wovuga tukumva !

- Imirizo yacu iratugora. Iyo tugomba kwihisha, ntidukundira kwinyegeza rwose. Tugomba gufata imbeba, turayizungagiza zikaba zatwumvise. Twagenda naho tukayikwega canke tukayishinga, zikayibona. Kenshi na kenshi murabiraba na mwe umurizo ni wo ukunda gufatwa n’umutego. Jewe rero nanse ko umurizo wanje uzosubira kuja urangora, ndawuca. None namwe ndabagishije inama, ngo muze muyicishe mwese.

 

Zose zitwengera rimwe.

Inyabu nkuru muri zo, iyishura iti :

- Mbe kuva na kera na rindi, guhera kuri basokuru n’abasokuruza hari aho urumva ko imirizo yacu itugora? Canke muri twese ni nde yakuganyiye ko umurizo wiwe wamunaniye? Wagomba kwikura mu kabarerwa ngo twese tube ibicika murizo.

 

Iyo buba ubwumwe bwari ikindi.

Copyright © 2005- BURUNDAISBy Jean-Claude